Uko wahagera

USA Izohana Ababangamira Umugambi w'Amahoro muri Sudani y'Epfo


Thomas Hushek ambasaderi wa Reta zunze ubumwe z'Amerika muri Sudani y'ubumanuko.
Thomas Hushek ambasaderi wa Reta zunze ubumwe z'Amerika muri Sudani y'ubumanuko.

Ambasaderi wa Reta zunze ubumwe za Amerika muri Sudani y’ubumanuko, Thomas Hushek, yashikirije ko Reta zunze ubumwe z’Amerika yiteguye gushiraho ibindi bihano mu gihe reta ya perezida Salva Kiir itoshira mu ngiro ivyapfunditswe mu masezerano agamije kurangiza intambara hagati y’abenegihugu.

Mu kiganiro n’abanyamakuru kuri uyu wa kabiri i Juba, Hushek yavuze ko impande zose zerwa n’ayo masezerano zibwirizwa kwerekana ubushake bwa politike no gukemura utubazo tugisigaye gutorerwa umuti, nko gushinga igisirikare gihurikiyemwo bose hamwe n’igitigiri c’amareta no gushinga imbibe zayo.

Hushek yagabishije ko Amerika ikurikiranira hafi abagomba kuburizamwo umugambi w’amahoro muri Sudani y’ubumanuko, yongera ko Amerika yiteguye guhana umutegetsi wese canke uwo ariwe wese azozibira umugambi w’amahoro.


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG