Uko wahagera

Perezida Macron Arafasha mu Mugambi w'Amahoro muri Sudani


Perezida w'Ubufaransa Emmanuel Macron
Perezida w'Ubufaransa Emmanuel Macron

Umushikiranganji wa mbere wa Sudani yarabonanye n’umukuru w’abarwana mu ntara ya Darfur aba mu Bufaransa, nkuko vyashikirijwe na perezida Emmanuel Macron kuri uyu wa mbere. Ni icizere ko yoba ari intambuko ihambaye ku mahoro mur’ico gihugu co muri Afurika y’ubuseruko casinzikajwe n’intambara.

Perezida Macron yabwiye abamenyeshamakuru ko yafashije kugira uyo mubonano hagati y’umushikiranganji wa mbere Abdalla Hamdok na Abdulwahid Nur, ushoboke.

Hamdok yashikirije ko yaganiriye na Nur imizi y’intambara muri Sudani hamwe n’uburyo yotorerwa umuti.

Intara ya Darfur yinjiye mu ntambara mu 2003, igihe ubwoko bw’inkehwa bwafata ibirwanisho barwanya reta yiganjemwo Abarabu ya Omar al-Bashir, aheruka gukurwa ku butegetsi mu kwezi kwa kane uyu mwaka.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG