Uko wahagera

RDC: Fayulu Yasabye UA Gufasha Amatora Agasubirwamo


Martin Fayulu atavuga rumwe na Prezida wa Kongo Felix Tshisekedi
Martin Fayulu atavuga rumwe na Prezida wa Kongo Felix Tshisekedi

Martin Fayulu yarangije mu kibanza ca kabiri mu matora y’umukuru w’igihugu yabaye muri Republika iharanira demokrasi ya Kongo kabiri yasavye ko haba ayandi matora mu kiringo c’amezi atandatu.

Mw’ikete yandikiye abategetsi bari mu nama y’umuryango w’ibihugu vya Afrika muri Etiyopiya, Fayulu yasubiye kuvuga ko amatora yo mu mwaka uheze yabayemwo ubusuma. Ikete rya Fayulu ryashizwe ahabona uno musi ku wa mbere, risigura ko komisiyo y’igihugu ijejwe amatora, CENI, yarementanije ivyavuye mu matora yashikirije.

Yatangaje ivyashikirijwe n’abarorerezi b’amatora bigenga n’abandi bakwirikirana amatora bo mu runani rwiwe, Lamuka, n’ibiharuro vy’ivyavuye mu matora vya CENI ubwayo vyari bikiri mw’ibanga vyashikirijwe itangazamakuru.

Fayulu avuga vyose vyerekana ko ari we yari yatowe kuba Prezida wa Kongo n’ibirenga ibice 60 kw’ijana vy’amajwi. Yasavye ko umuryango w’ibihugu vya Afrika ushiraho umurwi ujejwe gusuzuma ivyavuye mu matora.

Inama y’imisi ibiri y’umuryango w’ibihugu vya Afrika yarangije ibikorwa vyayo uno musi ku wa mbere. Iyo nama yaritabwe na Felix Tshisekedi, yatowe kuba icegera c’umukuru w’uwo muryango ku rwego rw’abakuru b’ibihugu muri uyu mwaka w’i 2019.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG