Uko wahagera

Umuryango w'Afrika Usaba Ubwumvikane muri Kongo


 Moussa Faki Mahamat, ukomoka mu gihugu ca Cadi, ni we mukuru w'ishirahamwe ry'ubumwe bw'Afrika
Moussa Faki Mahamat, ukomoka mu gihugu ca Cadi, ni we mukuru w'ishirahamwe ry'ubumwe bw'Afrika

Umukuru w’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika yatangaje ko yamenyeshejwe ivyavuye mu matora yo mu gihugu ca Republika ya Kongo yabayemwo impari nyinshi. Yamara nawe ntiyigeze akeza prezida yatsinze ayo matora.

Mw’itangazo yasohoye, Moussa Faki Mahamat, yateye akamo gasaba Kongo gutora inyishu iciye mu mwumvikano, uko amatora azoba yagenze kwose, kugira ngo hashirwe imbere ingendo ya demokrasi, iyubahirizwa ry’agateka ka zina muntu hamwe n’umwitwaririko w’amahoro n’umutekano.

Itsinzi ya Felix Tshisekedi yatangaje abatari bake, yiyamirijwe na Martin Fayulu avuga ko Prezida Joseph Kabila na Tshisekedi bagiriraniye amasezerano yo mu mpisho.

Umuyobozi w’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika, Mahamat, yavuze ko indorerezi zabo zasanze ayo matora yatunganije mu buryo bushimishije.

Indorerezi zo mu bihugu vya Bulaya ntizari zatumiwe kuko igihugu ca Kongo cavuze kw’indorerezi zo muri ivyo bihugu zama zisuka mu bibazo bitaziraba, inyuma y’aho ivyo bihugu bitereye akamo gasaba gutunganya ayo matora yasibijwe incuro zitari nke.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG