Uko wahagera

DRC: ADF Yagirizwa Kugaba Igitero Cahitanye 18 no Guturira Isengero


Zimwe mu ntwazangabo za Kongo
Zimwe mu ntwazangabo za Kongo

Abikekwa ko ari intagindwa z'abayislamu bishe abantu 18, baturira n'isengero mu mihana y’ahitwa Baeti mu ntara ya Kivu yo mu bureruko bwa Congo mw’ijoro ryo ku musi wa gatatu. Ico gitero cagirizwa abarwanyi b’umurwi w’intagondwa z’abayislamu, Allied Democratic Forces”, mu mpfunyapfunyo, ADF.

Igisirikare cemeje ico gitero cabereye hafi y’ibilometero 20 mu burengero bw’igisagara ca Oicha. Yamara nticamenyesheje igitigiri c’abahasize ubuzima. Abarwanyi b’umurwi ADF, ukorera mu buseruko bwa Congo kuva mu myaka y’i 1990, bamaze kwica abasivile barenga 1,000 kuva mu ntango z’umwaka w’i 2019 hisunzwe ibiharuro bitangwa n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU. Ivyo naho igisirikare ca reta congereje ibitero bigenewe kuzimanganya uwo murwi.

Abategetsi ba Congo bagirije abarwanyi b’umurwi ADF ko bakoze igitero kw’ibohero rikuru ryo mu gisagara ca Beni kw’italiki 20 z’uku kwezi kw’icumi, barekura abanyororo barenga 1,300, harimwo igitigiri kitazwi c’abarwanyi bawo.

Ibitero vy’ukwihora vy’uwo murwi vyariyongeye kuva igisirikare ca reta gitanguye ibikorwa vy’uguhasha uwo murwi haraheze umwaka. Carashoboye gutuza abarwanyi bawo mu bice bimwe bimwe vyegereye urubibe n’igihugu ca Uganda

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG