Uko wahagera

Abarenga 20 Baguye mu Bitero vy'Abitwaje Ibirwanisho muri DRC


Abanyagihugu 19 ni bo bamenyekanye ko baguye mu bitero vy’abitwaje ibirwanisho vyagabwe mu bice bitandukanye vy’ubuseruko bwa Republika iharanira Demokarasi ya Congo.

Ivyo bitero vyahitanye abasirikare babiri vyagabwe mu mpera z’indwi twaraye dusozereye. Abo basirikare umurwi witwaje ibirwanisho, ADF, wabasanze ku kirindiro cabo kiri muri Territoire ya Fizi.

Abategetsi muri ico gihugu bemeza ano makuru bavuga ko mu bahitanywe n’ivyo bitero harimwo abanyagihugu bari banyurujwe ku munsi wa gatanu n’umurwi wa ADF ubasanze mu mirima yabo.

Abandi mu babiguyemwo, barimwo abo mu ntara ya Ituri, aho mu bucagucagu bw’uwa Mungu uwo murwi wishe abasivile icumi, barimwo abagore n’abana. Umurwi ADF urwanya ubutegetsi bwa Uganda wagirizwa ko kuva mu kwezi kwa cumi na rimwe ko mu mwaka uheze, umaze kwica abasivile barenga 500 muri Kongo

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG