Uko wahagera

Imirwi Irwanya Ubutegetsi muri Congo Yishe Abantu 40


Abasirikare ba Congo bariko bagenzura akarere ka Beni
Abasirikare ba Congo bariko bagenzura akarere ka Beni

Abarwanya ubutegetsi bo mu murwi, “Allied Democratic Forces”, ADF mu mpfunyapfunyo, n’umurwi ukorana na Reta ya Kiyislamu uzwi kw’izina arya MTN baragize ibitero ku musi wa kabiri mu bice vya Samboko, Bandavilemba na Walese-Vukutu mu ntara ya Ituri. Iyo nkuru yatangajwe n’ikigo giharanira amahoro, demokrasi n’uburenganzira bw’ikiremwa muntu mw’itangazo ryaco ku musi wa gatatu.

Abarwanya ubutegetsi abo mu murwi ADF na MTM batanguye kugirira hamwe ibitero mu bihe vya vuba, bakoresheje imipanga, barasahura ibifungurwa n’ibindi bintu bifise agaciro.

Ikigo giharanira amahoro, demokrasi n’agateka ka muntu kimenyesha ko abasivile 627 bishwe n’abarwanyi bo mu murwi ADF kw’italiki 30 z’ukwezi kw’icumi uyu mwaka.

Vyinshi mu bitero vyabaye mu kwishura ku bitero bikomeye inteko za Reta ya Congo zagize mu karere ko mu buseruko bw’igihugu. Ico kigo kimenyesha ko abantu barenga 515 bishwe mu karere ka Beni.

Casavye Reta ya Koongo gusubira kwihweza ibikorwa vyayo vya gisirikare, kubera ukugene abarwanyi b’umurwi ADF bishuye.

Imirwi myinshi yitwaje ibirwanisho irakorera mu buseruko bwa Congo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG