Uko wahagera

DRC: Abarwanyi ba ADF Bagirizwa Kwica Abanyagihugu 22 muri Ituri


Abarwanyi bo mu muhari ADF urwanira muri Republika ya demokarasi ya Kongo bagirizwa urupfu rw’abasivile bashika 22 mu ntango z’iyi ndwi.

Amakuru atangwa n’umukozi w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU atashimye ko izina ryiwe rija ahagaragara avuga ko abantu bashika kuri 22 bishwe mu bitero bibiri vyabaye ku munsi wa mbere n’uwa kabiri mu bumanuko bw’intara ya Ituri.

Umuhari w’abarwanyi ADF bamuka muri Uganda umaze kugandagura abanyagihugu baharurwa mu majana muri iyo ntara kuva mu mpera z’umwaka wa 2019. Babikora bavuka ko ari ukwihora abasirikare ba reta bama bateye ibirindiro vyabo.

Raporo yashikirijwe n’akanama ka ONU kajejwe amahoro n’umutekano kw’isi mu kwezi kwa mbere ivuga ko umuhari wa ADF ubonwa nk’umurwi witwaje ibirwanisho kandi ubaka n’umuhari w’abicanyi. ONU ivuga kandi ko abarwanyi bawo bagendera ko vyiyumviro vya kiyisilamu

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG