Uko wahagera

RDC: Abashika 27 Barishwe n'Abitwaje Ibirwanisho muri Beni na Ituri


Abasirikare ba Monusco muri teritware ya Djugu, mu ntara ya Ituri, RDC. Isanamu yafashwe kw'italiki 13/03/2019.
Abasirikare ba Monusco muri teritware ya Djugu, mu ntara ya Ituri, RDC. Isanamu yafashwe kw'italiki 13/03/2019.

Abashika kuri 27 barimwo abagore n'abana barishwe mu bitero bibiri bitandukanye vyabereye mu ntara ya Ituri no hafi y’igisagara ca Beni, mu buraruko bushira ubuseruko bwa Republika ya demokarasi ya Kongo.

Abategetsi muri ako karere bagiriza umuhari witwaje ibirwanisho, Cooperative pour le Development du Congo (CODECO) kuba ari wo wakoze igitero ca mbere cabaye kuwa gatandatu ushira uw’Imana cahitanye abantu 20. CODECO ugizwe ahanini n’abo mu bwako bw’Abalendu wagirizwa kwica abasivile baharurwa amajana muri uyu mwaka wonyene.

Igitero ca kabiri cabereye hafi y’igisagara ca Beni cahitanye abantu indwi cagirizwa umuhari ADF ukomoka muri Uganda.

Igisata ca ONU cita ku mpunzi HCR gitangaza ko gushika aho umwaka ugeze ubu, abanyagihugu bahitanywe n’indyane zifatiye ku moko muri Kongo bashika hafi 274 hamwe n’200 000 bateshejwe ingo zabo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG