Uko wahagera

CPI Yoba Iri Hafi Gusohora Imitahe ku Barundi Bagirwa n'Ivyaha


Fadi El Abdallah avugira CPI

Sentare mpuzamakungu mpanavyaha CPI isaba Reta y’Uburundi kuyishikiriza ibirego vy’abatavuga rumwe na yo yikeka ko bagize uruhara mu guhonyanga agateka ka zina muntu muri ico gihugu kuva mu mwaka w’i 2015.

Mu kiganiro Fadi El Abdallah avugira CPI yahaye Ijwi ry'Amerika yavuze ko amatohoza ageze ku ntambwe ishimishije naho uruhande rwa Reta y'Uburundi ata makuru ruratanga ku bo rwagiriza ko boba barahohoteye inzego za reta, abanywanyi b’umugambwe uri ku butegetsi canke abandi.

Fadi El Abdallah naho ata sango yatomoye yemeje ko n’imitahe mpuzamakungu yo guhagarika abakekwako ivyaha ishobora gusohoka umwanya n'umwanya.

Inkuru yateguwe n'umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika Pierre Claver Niyonkuru

CPI Yoba Igiye Gusohora Imitahe ku Barundi Bagirwa n'Ivyaha
please wait

No media source currently available

0:00 0:05:39 0:00


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG