Uko wahagera

CNIDH Isaba CPI guhagarika Amatohoza mu Burundi


Umushikirizamanza mukuru wa CPI, Fatou Bensouda

Umugiwi w'igihugu ujejwe agateka ka zina muntu CNIDH usaba sentare mpuzamakungu mpanavyaha guhagarika amatohoza yibanze yatanguje ku vyaha vyakozwe mu Burundi kuva mu mwaka w'i 2015.

Uwo mugwi usigura ko ivyaha vyakozwe bitarengeye ubutungane bw'igihugu kandi ko za sentare zo mu Burundi zishobora kubitohozako no kubihana.

Mw'itangazo umukuru w'uwo mugwi yasohoye kuri uyu wa gatanu anasaba kandi ibihugu vyafatiye ibihano Uburundi kubifuta.

Mur’iryo tangazo, umugwi wigenga ujejwe agateka ka zina muntu umeneysha ko ushimishwa n’ukuntu umutekano wagarutse mu gihugu cose. Ariko wiyamiriza ibitero vy’ama grenade vyabaye muri uku kwezi kw’indwi mu ntara za kirundo na kayanza, mu buraruko bw’igihugu, no ku mugwa mukuru Bujumbura, hagakomereka abantu barenga 50, abandi 5 nabo bahasiga ubuzima.

Uwo mugwi uvuga ko uteye intege Reta kw’ishaka yerekana ryo kuja inama n’abantu bose begwa n’ibibazo vy’agateka ka zina muntu mu Burundi baba abakorera ku butaka bw’igihugu no ku gwego mpuzamakungu.

Umugwi CNIDH wemeza kandi ko ivyaha vyakozwe mu Burundi bitarengeye ubushobozi bw’ubutungane bw’Uburundi.

Iri tangazo rya CNIDH rije inyuma yaho kw’itariki ya 5 uku kwezi uwo mugwi utwariye mu nama nshingamateka icegeranyo cavuga ko muri aya mezi atandatu ya mbere y’umwaka abantu bagera kuri 69 bishwe, 20 baranyuruzwa nayo 23 baborezwa igufa.

Umugwi CNIDH usohoye uru rwandiko mu gihe amashirahamwe yigenga 8 yatanguje isekeza ry’imisi 100 yo gusaba ubutungane.

Inkuru y'umumenyeshakuru w'Ijwi ry'Amerika, Eloge Willy Kaneza:

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG