Uko wahagera

COVID19: Abarundi Begeranirijwe Hamwe i Muyinga Bugarijwe n'Inzara


Abarundi begeranirijwe hamwe mu ntara ya Muyinga kugira bapimwe umugera wa Corona batakamba bavuga ko bugarijwe n’inzara co kimwe n'ikibazo co kutagira amazi meza. Abo barundi baharugwa muri 340 bashitse muri ico gihugu bavuye muri Tanzaniya, aho bari bagiye gukora ubuzi bubayabaye.

Abo Barundi begeranirijwe mu kigo c’ishure ryigisha imyuga rya Mika muri komine ya Giteranyi. Muri ico kibanza bahakirira abafise amikoro make badashobora kuriha amahoteri yategekanijwe kwakira abugaranirwa ahateguwe kugira bapime ko ata COVID-19 bafise.

Komine ya Giteranyi ibakira isanzwe ifise ikibazo co kuronka amazi mezi. Inkuru isoko ryacu ryaronse ni uko abo begeranirijwe ukwabo bamaze imisi irenga ine bataronka amazi meza abafasha kugira isuku, gukinjika no kunywa. Ni mu gihe imodokari y’umuryango utabara imbabare CROIX ROUGE yahora ibasahiriza mu kubaronsa ayo mazi yoba yaragize ikibazo.

Inkuru yateguwe n'umunyamkuru w'Ijwi ry'Amerika Desire Hatungimana.

COVID19: Abarundi Begeranirijwe Hamwe i Muyinga Bugarijwe n'Inzara
please wait

No media source currently available

0:00 0:01:40 0:00


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG