Uko wahagera

Burundi: Abarenga 15 Baguye mu Gitero c'Abitwaje Ibirwanisho


Imodoka iri mu zaturiwe
Imodoka iri mu zaturiwe

Abantu barenga cumi na batanu baraye baguye mu gitero c'abantu bitwaje ibirwanisho muri komine Rutegama, intara ya Muramvya iri hagati na hagati mu gihugu c'Uburundi. Baguye mu mutego w'abitwaje ibirwanisho baturiye imodokari zibiri.

Amakuru Ijwi ry’Amerika rifise ni uko abantu 18 ari bo baguye n’imiburiburi muri ico gitero cabaye mw’ijoro ryo kuri uyu wa gatandatu ku musozi wa Nyarunazi muri komine Rutegama, intara ya Muramvya kw’ibarabara rya Muramvya Gitega hagati na hagati mu gihugu c’Uburundi nk’uko vyemezwa n’amasoko atandukanye yo mu kwa muganga mu ntara ya Gitega na Muramvya.

Abavuganye n’Ijwi ry’Amerika nta n’umwe yashimye ko umwidondoro wiwe umenyekana. “Abantu bane ni bo bonyene barokotse muri izo modokari zibiri. Ibiziga 16 biri ku bitaro bikuru i Muramvya”, ni ko rimwe mu masoko yacu yatubwiye.

Aya makuru aranemezwa n’abandi bantu barimwo umugabo yari mu bakuye ibiziga mu bisigarira vy’imodokari zaturiwe. “Jewe ubwanje bwa minwe niboneye n’amaso yanje ibiziga cumi na bitanu turiko duterura abahasize ubuzima”, ni ko yemereye Ijwi ry’Amerika.

Uwundi munyagihugu nawe asigura ko mu ngenzi zari mu mudokari zaturiwe harokotse bane bonyene. “ Nta n’uwundi n’umwe wa kirazira yaharokotse. Bane bonyene ni bo bagize amahirwe yo kurokoka”, ni ko yiganiye Ijwi ry’Amerika.

Ababa ahabereye igitero banamenyesha ko hari umugabo n’umugore bahitanywe n’aba bagizi ba nabi mu gihe bariko barahunga abajejwe umutekano. “ Twibaza ko bibajije ko babwira abajejwe umutekano inzira bajanye. Uyu mugabo n’umugore bari bavuye ku rubanza baca baratubirana n’aba bicanyi”.

Kugeza ubu baba abajejwe intwaro caba igiporisi bashimye kutavuga ibitigiri vy’Abapfuye. Stany Niyimbona, musitanteri wa komine Rutegama mu mushuhira yari yemeje abantu babiri bapfuye na batanu bakomeretse. Igiporisi co cahisemwo kwandika ku rubuga rwa Twitter y’ubushikiranganji bw’umutekano kivuga gusa ko hapfuye abantu ariko nticatanga ibitigiri.

“Iterabwoba ryahitanye abantu abandi barakomereka mu gitero cakozwe ku mudokori zunguruza abantu n’ibintu cabaye nka sambiri z’ijoro ku musozi wa Munanira nko ku birometero bitatu uvuye ku murwa mukuru wa komine Rutegama mu ntara ya Muramvya werekeza i Gitega. Amatohoza ariko arakorwa”, ni ko canditse.

Kugeza ubu, Ijwi ry’Amerika abantu rimaze kumenya bakomeretse ni 8. Batatu bariko bavurirwa mu bitaro vy’i Muramvya, mu gihe ibitaro vyo mu Kibimba muri komine Giheta intara ya Gitega bifise batatu nyene nayo ivy’I Kibuye muri Bukirasazi I Gitega nyene biriko bivura babiri.

Mu gatondo ko kuri uyu w’Imana, igiporisi kiri kumwe n’urwaruka rw’umugambwe uri ku butegetsi Imbonerakure bakoze isaka ariko ntaco batoye mu mihana yari yiketswe. Gusa abantu bane barimwo abagabo babiri bavukana b’abanywanyi b’umugambwe CNL baturuka ahavuka Remy Gahutu yashinze FNL yavyaye CNL batawe muri yompi.

Mw’ijoro ryo ku wa cenda rishira uwa cumi ukwezi kwa gatanu guheze, abandi bantu 13 bari baguye mu mutego w’abantu bitwaje ibirwanisho kw’ibarabara rya Muramvya-Gitega ahitwa Burambana muri komine Muramvya.

Mw’ijoro ryo ku wa 26 ukwezi guheze naho, abantu bane barahitanywe n’ibitero vy’ama grenade vyakozwe ku bituro vy’ama bus ku murwa mukuru w’ubutunzi Bujumbura abarenga 80 barakomereka. Mw’ijoro ryo kuwa 16 rishira uwa 17 mu Rusaka mu ntara ya Mwaro ihana urubibe na Muramvya na Gitega naho hari hishwe abantu indwi.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano ku wa gatanu uheze, mu kiganiro c’abavugizi b’inzego za Reta yemeje ko abantu 29 ari bo bafashwe. Kugeza ubu nta muntu canke umurwi uriyitirira bino bitero.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG