Uko wahagera

Burundi: Abantu 12 Baraye Baguye mu Gitero c'Abitwaje Ibirwanisho


Burundi

Abantu 12 ni bo baguye mu gitero c'abantu bitwaje ibigwanisho mw'ijoro ryo kuri uyu w'Imana muri komine n'intara ya Muramvya hagati na hagati mu gihugu c'Uburundi. Abishwe bari mu miduga berekeza ku mugwa mukuru wa poritike Gitega. Nta mugwi canke umuntu ariyitirira kino gitero.

Abaguye muri ico gitero ni abasivire 11 n’umusirikare umwe w’ipete rya colonel. Uyu yapfanye n’umwe mu bana biwe mu gihe yari kumwe n’umuryango wiwe berekeza ku mugwa mukuru wa poritike Gitega bava kuw’ubutunzi Bujumbura.

Imodokari yiwe n’izindi zitatu zirimwo imwe yunguruza abantu n’ibintu ya kompanyi yitwa Volcano ni zo zaguye mu mutego w’abantu bitwaje ibigwanisho zigeze ku mutumba wa Burambana muri komine n’intara ya Muramvya hagati na hagati mu gihugu c’Uburundi.

“ Abateye vyaraboneka ko bari bateguye igitero bihagije. Baje mu kanya isase atawuzi iyo batuzutse barasa izo modakari bongera baraziturira. Bari bamaye imyambaro ya gisivire mugabo bafise inkoho nininini zirimwo na za mitarayeze. Bahejeje kwiha inkumbi baciye biruka baca mu mashamba", ni ko bamwe mu banyagihugu baba hafi y’ahabereye igitero batashimye ko amajwi yabo n’umwidondoro bishirwa ahabona babwiye Ijwi ry’Amerika.

Esperance Nduwayezu, musitanteri wa komine Muramvya yemeje ano makuru ariko nta kindi kinini yarengejeko, amenyesha ko amatohoza yatanguye. I ruhande y’aba bantu baguye muri kino gitero hari n’abandi batanu bakomeretse cane baca bajanwa kuvurirwa mu bitaro vy’I Muramvya. Abandi bataramenyekana igitigiri baciye barungikwa mu bitaro bitandukanye ku mugwa mukuru w’ubutunzi Bujumbura.

Abantu benshi basize ubuzima muri uno mutego baba ku mugwa mukuru wa poritike nk’uko amakuru Ijwi ry’Amerika ryaronse avyemeza. Ku rubuga rwiwe rwa Twitter, perezida Evariste Ndayishimiye yihanganishije imiryango yabuze yandika agira ati” Turababajwe n’abambuzi baraye basubiye guhekura u Burundi. Ibigeragezo ntibizoreka kubaho ariko aragowe uwo bizovako. Abagizi ba nabi bose bategerezwa gutuzwa. Turaremesheje imiryango yabuze”.

Ikindi gitero cahitanye abantu benshi caheruka kuba mu Burundi vuba cakorewe ahitwa Rusaka mw’ijoro ryo kuwa 16 rishira uwa 17 ukwezi guheze. Ni mu ntara ya Mwaro hagati na hagati mu gihugu c’Uburundi. Abantu indwi barimwo umuryango ugizwe n’umugabo, umugore n’umwana wabo w’umukobwa w’ikinege n’umugabo n’umugore baguye muri ico gitero. Nta mugwi canke abantu bariyitirira bino bitero kugeza ubu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG