Uko wahagera

Azerbayijani na Armeniya Vyongeye Gutana mu Mitwe


Abasirikare ba Azerbayijani
Abasirikare ba Azerbayijani

Ubushikiranganji bujejwe kwivuna abansi bwa Azerbayijani bwatangaje uno musi ku wa mbere ko inteko zabwo zatewe n’umurwi w’abanya Armeniya mu ntara ya Nagorno-Karabakh. Umusikirikare w’umunya Azerbayijani yahasize ubuzima mu gihe uwundi yakomeretse.

Ubwo bushikiranganji bwamenyesheje ko ico gitero cabereye mu bumanuko bw’intara ya Nagorno-Karabakh ku musi w’Imana ku mutaga. Cashoboye guteshwa kandi abantu 6 mu bagikoze bahasize agatwe.

Igisirikare co muri iyo ntara cateye ivyatsi ivyatangajwe n’ubushikiranganji bujejwe kwivuna abansi bwa Azerbayijani mu kuvuga ko ari ibinyoma n’agasomborotso. Kimenyesha ko inteko muri iyo ntara zubahiriza neza amasezerano y’uguhagarika ingwano yashitsweko hagati ya Azerebayijani na Armeniya.

Kw’italiki 12 z’ukwezi kw’icumi na kabiri, ivyo bihugu vyompi vyatangaje ko ugutana mu mitwe gushasha kwabaye mu bumanuko bw’intara ya Nagorno-Karabakh. Uruhande rumwe rwagirije urundi ko rwarenze ku masezerano y’uguhagarika ingwano.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG