Uko wahagera

Amerika Ntizoha Siriya Agahengwe


Nikki Haley aserukira Amerika muri ONU kumwe na bagenzi

Uwuserukira Amerika muri ONU, Nikki Haley, yavuze ko igihugu ke kitazoha agahengwe Siriya idahagaritse ibitero vy’ubumara ikora ku banyagihugu.

Ambasaderi Nikki Haley yavuze ko ata kosa na rimwe Amerika, Ubwongereza n’Ubufaransa vyakoze mu gutera Siriya.

Uburusiya bwo buhamagarira abagize akanama ka ONU kajejwe umutekano kwemeza ingingo bwasavye ko zifatirwa Amerika, Ubufaransa n’Ubwongereza.

Vassily Nebenzia aserukira Uburusiya muri ONU yagize ati: ”Agasomborotso kanyu kazotuma ibintu biba bibi gusumba. Ivyo mwakoze binyuranye n’amategeko agenga imigenderanire y’amakungu.”

Ingingo Uburusiya buriko busaba ko zifatirwa Amerika,Ubufaransa n’Ubwongereza inyuma y’ibitero, zifise amahirwe make yo kwemezwa n’ibihugu bigize akanama ka ONU kajejwe umutekano.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG