Uko wahagera

Amerika na Ekleziya Katolika Vyahagurukiye Kabila


Joseph Kabila mu kiganiro n'abanyamakuru mu kwezi kwa mbere
Joseph Kabila mu kiganiro n'abanyamakuru mu kwezi kwa mbere

Reta zunze ubumwe za Amerika, Ekleziya Katolika muri Kongo n'ishirahamwe mpuzamakungu riharanira agateka ka zina muntu Human Rights Watch vyasavye perezida Joseph Kabila kudasubira kwitoza mu matora ategekanijwe mu kwa cumi na kabiri.

Inama y'abepiskopi katolika kuri uno wa gatanu yahamagariye urwego rujejwe gutegura amatora gushira ahabona bidatevye intonde z'agategekanyo z'abazokwitoza n'abazotora. Abepiskopi bongeye banibutsa Kabila ko ibwirizwa nshingiro rya Kongo ata burenganzira rimuha bwo kwitoreza ikiringo ca gatatu.

Akamo ka Ekleziya katorika kaje inyuma y'iminsi ibiri icegera c'uwuserukira Amerika muri Kongo, Jennifer Haskell, avuze ko ari nka hamwe Kabila yokinjura mu kwezi kwa cumi na kabiri ashobora gucika intwari mu mateka ya Kongo.

Mu gihe perezida Joseph Kabila ataratangaza nimba azokwitoza canke ata zokwitoza igenekerezo rya 23 ukwezi kwa cumi na kabiri, ishirahamwe mpuzamakungu riharanira agateka ka zina muntu, Human Rights Watch, naryo ryasavye Kabila guhumuriza abanyagihugu akavuga aho ahagaze.

Bitegekanijwe ko perezida Joseph Kabila agira ico avuga kuvy'ukwitoza kwiwe canke kutizoza mu matora yimirije mw'ijambo ry'ukwibuka imyaka 58 izorumana kuri uno wa gatandatu Kongo yikukiye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG