Uko wahagera

RDC: Ibiro vya Perezida Bibeshyuza ko Kabila Aziyamamaza


Perezida wa Republika iharanira demokarasi ya Kongo Joseph Kabila mu kiganiro n'abamenyeshamakuru i Kinshasa, itariki 26/01/2018.
Perezida wa Republika iharanira demokarasi ya Kongo Joseph Kabila mu kiganiro n'abamenyeshamakuru i Kinshasa, itariki 26/01/2018.

Ibiro vya perezida wa Republika iharanira demokarasi ya Kongo kuri uno musi ku wa mbere, vyatangaje bibeshuza ko Perezida Joseph Kabila azosubira kuba umukandida mu matora y’umukuru w’igihugu.

Ivyo biro vyatangaje ko ari inkuru itari ukuri yahanahanywe ku mbuga ngurukanabumenyi. Iyo nkuru itangaza ko Kabila yoba ari mu bakandida bazohiganirwa amabanga y’umukuru w’igihugu kw’italiki 23 z’ukwezi kw’icumi na kabiri. Ayo matora agenewe guhitamwo uwuzomusubirira. Jean Pierre Kambila, umuyobozi w’imirimo mu biro vya perezida, yatangaje ko iyo nkuru ari ibinyoma.

Ikiringo ca kabiri ari co ca nyuma ca Perezida Kabila carangiye kw’italiki 20 z’ukwezi kw’icumi na kabiri mu mwaka w’i 2016. Ibwirizwa shingiro rirabuza umukuru w’igihugu gusubira kwitoza. Perezida Kabila ari ku butegetsi kuva mu mwaka w’i 2001, ntaco aravuga ku migambi na kazoza kiwe ka politike.

Amatora y’umukuru w’igihugu yari ategekanijwe kuba mu kwezi kw’icumi na kabiri mu mwaka w’i 2016 yigijweyo gushika mu mpera z’umwaka w’i 2017 imbere y'uko yigizwayo kandi gushika kw’italiki 23 z’ukwezi kw’icumi na kabiri muri uyu mwaka w’i 2018.

Republika iharanira demokrasi ya Kongo irageramiwe n’ibibazo vya politike bifatiye ku ngingo ya Prezida Kabila y’ukuguma ku butegetsi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG