Uko wahagera

Lambert Mende: Kabila Azoguma Arongoye Urunani Rumushigikiye


Perezida Joseph Kabila mu nama nshingamateka, inyuma y'umusi umwe Umushikiranganji wa mbere Augustin Matata atanze imihoho, Itariki 15/11/2016, i Kinshasa.
Perezida Joseph Kabila mu nama nshingamateka, inyuma y'umusi umwe Umushikiranganji wa mbere Augustin Matata atanze imihoho, Itariki 15/11/2016, i Kinshasa.

Perezida wa Republika iharanira Demokarasi ya Kongo Joseph Kabila azoguma ari umukuru w’urunani rushigikiye Perezida mugihe urwo runani rwa poritike rwotsinda amatora yo kw’itariki ya 23 z’ukwezi kwa cumi na kabiri.

Ivyo vyashikirijwe n’umuvugizi wa Reta kuri uyu wa mbere. Ni mugihe, igice kimwe mu batavugarumwe n’ubutegetsi bagiriza umukuru w’igihugu ko agomba kuguma ku butegetsi.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa mbere, Lambert Mende avugira Reta ya RDC yavuze ko Kabila atazoba arenze kw'ibwirizwa shingiro.

Kabila yari kuva ku butegetsi inyuma y’ikiringo ca kabiri ari naco canyuma kw’itariki ya 20 z’ukwezi kwa cumi na kabiri 2016, nkuko ibwirizwa shingiro rivuga, rikamwemerera kuguma ku butegetsi gushika aronse uwatowe amusubirira.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG