Bamwe mu batavuga rumwe na reta y’Uburundi, abahunze igihugu hamwe n’abakiri mu gihugu barahuriye i Kampala mu Buganda mu mwiherero w’iminsi 3 mu mpera z’indwi iheze.
Umwe mu bitabiriye iyo nama yabaye mw’ibanga ridasanzwe yabwiye Ijwi ry’Amerika ko yari igamije kurondera guhuriza k’umukandida umwe yobaserukira mu matora yo mu 2020, no kwiga ingene bosenyera ku mugozi umwe mu ntumbero yo kuzuzanya bitegurira ayo matora.
Naho isoko ry'Ijwi ry’Amerika ryemeza ko ahanini impande zitabiriye ivyo biganiro zemeranije ko icihutirwa ari ukuraba ingene bokwitabira amatora bafise umukandida umwe, hari ibindi bibazo abari muri uwo mwihererero bavuze ko birinda kuvanwa mu nzira bidatevye.
Muri ivyo bibazo harimwo ugusaba gukurwako imitahe mpuzamakungu y’ubutungane irondera bamwe muri bo kugira abari mu buhungiro batahuke bibaye ngombwa bakitorera ababacungera umutekano no gusubizwa canke kunga imigambwe yacitsemwo amashami.
Naho abari muri iyo nama bahaye Ijwi ry’Amerika aya makuru yose ntibashime ko amazina yabo atangazwa batatomoye ico batandukanye bashitseko mu misi itatu bamaranye bemeza ko bashitse ku bitari bike.
Umwe muri bo yagize ati: “ubu twashizemwo inguvu zidasanzwe n’umwete kuko amatora aregereje, tubwirizwa kuja hamwe tugahangana n’umugambwe uri ku butegetsi, tugahindura n’umukenyuro wacu”.
Inkuru yateguwe n'umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika Pierre Claver Niyonkuru.
Facebook Forum