Uko wahagera

Raporo ya Mkapa k'Uburundi Ntishima Abayobozi b'Ibihugu bya EAC


Benjamin Mkapa
Benjamin Mkapa

Umuhuza mu matati y’Aburundi Benjamin Mkapa abona ko amatati ya politike ari mu Burundi azobangamira itegurwa ry’amatora meza yo mu mwaka w’2020. Perezida Mkapa avuga ko kubona ata n’amasezerano araboneka hagati ya Reta n’abatavuga rumwe na yo ari intambamyi ikomeye ku mahoro n’umutekano birama.

Ivyo biri mu cegeranyo c’ibiganiro vyose uwo muhuza yatunganije kuva mu mwaka w’2016. Mu kwezi kw’12 k’umwaka uheze, iyo raporo yari imaze gushika mu minwe y’umukuru w’igihugu c’Uburundi. Ayamirira kure.

Iyo raporo igizwe n’ibice bitanu yagiye ahabona kuri uyu wa kane. Benjamin Mkapa yahoze atwara igihugu ca Tanzaniya atangura adondagura ingene ibiganiro yagiye aratumako incuro zitanu vyose vyagenze, kuva mu kwezi kwa 5 umwaka w’2016. Avuga ko yagiye arahura n’intambamyi nyinshi zivuye ku ruhande rwa Reta canke abatavuga rumwe na yo.

Ku rundi ruhande, umuhuza Mkapa amenyesha ko abatavuga rumwe na Reta hageze igihe batamwizera, bakamutyoza, bagasiba ibikorwa yatunganije n’ibindi. Avuga kandi ko kuri izo mpande zose hari abatashaka ibiganiro, yamara bagahuma amaso amakungu bakitaba ariko ata gushaka kuhari.

Ico Mkapa ashima ariko, ni uko kuva ibiganiro bitanguye, hari agahengwe kabonetse. Ati: “Narahamagariye impanze zose gusa n’abashira ibirwanisho hasi. Ako kamo iyo katumvirwa, ibara riba ryaraguye kurusha uko biri”.

Mu kurangiza iyo raporo, Mkapa aranegura ingene abakuru b’ibihugu vya Afrika y’ubuseruko bitamushigikiye bikwiye muri ako kazi. Yibutsa ingene yasavye akatari gake ko hotunganywa inama y’abo yihariwe igenewe kwiga ikibazo c’Uburundi ariko bikanka.

Umuhuza abwira impande zose ko inzira y’ibiganiro ari yo yonyene izoshikana Uburundi ku mahoro bose biyumvamwo. Ahamagarira abakuru b’ibihugu vy' Afrika y’ubuseruko guhindura ingendo no guhatira Abarundi guca muri iyo nzira.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG