Uko wahagera

Umwizero ni Muke Mu Banyapolitike Bari Arusha


Charles Nditije wo mu mugambwe Uprona, uruhande rutavuga rumwe na Reta,
Charles Nditije wo mu mugambwe Uprona, uruhande rutavuga rumwe na Reta,

Bose hamwe abanyepolitike batavuga rumwe na Reta y’Uburundi bari mu biganiro i Arusha muri Tanzaniya barahuriza ko ibiganiro bigeze ku munsi ugira 5 ata kintu gikiza Uburundi bazoshikako.

Ivyo biganiro bisigaje umunsi umwe ngo birangire.

Yamara, abariyo bavuga ko ataco bizoshikako. Bemeza ko inkurikizi mbi zigiye kuba nyinshi, bagahamagarira amakungu kugira ico akoze kugira ntihahave haba abafata ibirwanisho mu kwironderera inyishu.

Ni mugihe uruhande rwa Reta n’umugambwe Cndd Fdd batavyitavye.

Leonce Ngendakumana, icegera c’uwutwara umugambwe Sahwanya Frodebu yitavye avuye i Bumbura, abona ko ingaruka mbi zigiye kuba nyinshi kuko inzira y’ibiganiro isa n’iyanse.

Na Charles Nditije wo mu mugambwe Uprona, uruhande rutavuga rumwe na Reta, yahunze igihugu n’uko abibona. Ati amatora yo mu mwaka w’2020 yoyo ntiturota tuyajamwo kuko ata rukiza tuyabonamwo.

Ku ruhande rw’abigeze gufata ibirwanisho barwanya igihugu muri kahise nka Jean Bosco Ndayikengurukiye yigeze gutwara umugambwe uri ku butegetsi ukiri mw’ishamba, ahamagarira amakungu gufasha ingingo zihuta ata bandi barafata inzira nk’iyo.

Kuru uyu wa mungu vyari bitegekanijwe ko haba inama ya bose, barikumwe n’umuhuza Benjamin Mkapa yahoze atwara igihugu ca Tanzaniya, kugira baharire ku rwandiko bashitseko ariko siko vyagenze.

Urwo rwandiko baruhaye umutwe uvuga ngo “Umuti w’amatati ari mu Burundi” canke “Proposition de sortie de Crise” mu gifaransa.

Iyo nama ya bose izoba kuri uyu wa mbere ari na ho ivyo biganiro bizosozerwa.

please wait

No media source currently available

0:00 0:04:03 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG