Uko wahagera

Abarenga 25 Bahitanywe n'Imvura Yononye Ibitari Bike mu Burundi


Abantu barenga 30 ni bo bamaze kumenyekana ko bahitanywe n'imvura nyinshi yaguye muri komine Mugina, intara ya Cibitoke mu buraruko bushira uburengero bw'Uburundi kuva ku mugoroba wo kuri uyu wa gatatu. Amazu n'imirima bitazwi igitigiri navyo vyarononekaye.

Uduce twasinzikaye kurusha utundi ni imitumba ya Nyempundu, Rukombe na Gikomero iri muri zone Nyamakarabo.

Mu mwanya wa mbere polisi y'Uburundi yari yavuze ko abahitanywe n’iyo mvura y’isegenya bagera kuri 38, amazu atazwi igitigiri n’imirima navyo birononekara.

Mu nyuma ku rubuga rwa twitter rw’ubushikirngaji bw’umutekano ico gipolisi cahavuye candika ko abamaze guhitanwa n’imisozi bitewe n’imvura nyinshi ari 26, indwi bakomeretse, abagera kuri 10 nabo ata we uzi irengero ryabo.

Amakuru Ijwi ry’Amerika ryahawe na bamwe mu banyagihugu ni uko abantu bahitanywe n’iyo mvura ari 26, abarenga 30 bakaba baburiwe irengero. Hari imiryango yagiye ibura abantu benshi icarimwe.

Umwe mu bacitse kw’icumu yatubwiye ko “yabuze abantu bane bo mu muryango wiwe." Uwundi nawe ati” Hari imiryango ibiri yose y’abaturanyi ata we uzi irengero ryayo.”

Abanyagihugu bafadikanije n’abajejwe intwaro, umutekano hamwe n’umuryango utabara imbabare kw’isi Coix Rouge, igisata co mu Burundi bazindutse bongera birirwa bararondera abantu boba barokotse bakiri musi y’ibihomoka.

Abantu nka bose muri ako gace bahagaritse imirimo kugira bafashe uko bashoboye no mu kujana abakomeretse kwa muganga.

Abanyagihugu amazu yabo yabomotse canke yatwawe n’imyuzura basaba Leta kubaronsa aho bakika umusaya.

Bulamatari w’intara ya Cibitoke arabahumuriza. Joseph Iteriteka yizeza ko uburyo bwose bukenewe buriko buraronderwa kugira ntihagire abantu barara mu gahinga.

Inkuru yateguwe n'umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika Eloge Willy Kaneza.

Imvura y'Isegenya Yahitanye Abarenga 25 mu Burundi
please wait

No media source currently available

0:00 0:04:55 0:00



Facebook Forum

XS
SM
MD
LG