Uko wahagera

Burundi: Ikibazo Cy'inzara Cyugarije Benshi Kubera Imvura


Burundi floodings
Burundi floodings

Imiryango irenga ibihumbi 35 mu ntara zitatu zo mu buraruko bw'Uburundi irugarijwe n'inzara kubera imvura y'igihuhusi yatwaye imirima yabo. Ivyo bitigiri bitangwa n'ihuriro ry'mashirahamwe y'abarimyi n'aborozi PCFS .Ibitigiri Tanzanie n'abahinga baraba ihindagurike ry'ibihe vyerekana ko gushika mu kwezi kwa gatanu uyu mwaka imiryango ibihumbi 91 ishobora guhura n'ingorane ziturutse ku mvura nyinshi n'ibihuhusi.

Ishirahamwe PCFS rimenyesha ko mu ngendo abarirongoye bagize mu ntara zo mu buraruko bw’igihugu basanze abarimyi n’aborozi bo mu ntara za kirundo na muyinga co kimwe na kayanza bugarijwe n’ingorane zidasanzwe. Muribo ngo hari imiryango itashoboye kuronka umwavu w’ikizungu w’ugutabira, abandi imirima iterwa n’ingwara ntibaronka imiti y’ugupompa mu gihe hari abafise ingorane z’ukuronka ama hangari y’ukubika umwimbu baronka.

Umukuru w’ihuriro ry’amashirahamwe y’abarimyi n’aborozi PCFS Burundi rubona ko umuti wa mbere n’imfashanyo bikwiye gutangwa n’abarundi bo nyene ubwabo naho n’amashirahamwe mpuzamakungu atosigara inyuma.Ivyigwa vyagizwe n’abahinga mu bijanye n’ibirere n’ihindagurika ry’ibihe vyerekana ko imvura nyinshi yatanguye mu kwezi kw’icenda umwaka w’i 2015 ishobora gushika mu kwezi kwa gatanu uyu mwaka.

Umunyamukuru wacu Eloge yadukurikiraniye iyi nkuru

please wait
Embed

No media source currently available

0:00 0:04:37 0:00

XS
SM
MD
LG