Uko wahagera

Imvura Yahitanye Umuntu i Bujumbura


Umuntu umwe yahitanywe n'amazi amazu arenga 50 arononekara bitewe n'imvura nyinshi yaguye ku mugwa mukuru Bujumbura ku mugoroba no mw'ijoro ryo kuri uyu w'Imana.

Abanyagihugu bamwe bamwe bo mu buraruko bwa Bujumbura bemeza ko iyo imvura ikuvye baca batangura kuziyanga. Naho akabi katamenyerwa, bamwe mubaba ahakunda guterwa n’imyuzurira basa n’abama bayiteze. Abatewe n'amazi basaba Reta guca imifurege ikwiye ijana amazi ava mu misozi ihanamiye Bujumbura. Abahaba bemeza ko baterwa n’amazi abura inzira kubera umufurege wabigenewe udatunganijwe neza.

Musitanteri wa komine Ntahangwa arabahumuriza. Kuri uyu wa mbere yari yaroye kuraba uduce twababaye kurusha ahandi. Musitanteri Hakizimana anavuga ko umuntu umwe yoba yarahitanywe n’imvura yo kuri uyu w’Imana.

Ibiharuro vy’imfatakibanza bitangwa n’igipolisi kijejwe gutabara bivuga ko amazu arenga 50 ariyo yononekaye kubera imyuzurira y’imvura mu buraruko bwa Bujumbura.

Hari haheze indwi zibiri, abantu icenda bari bahitanywe n’iyo myuzurira , amazu yababa 800 arabomoka mu ntara zitandakanye. Ico gihe ubushikiranganji bwo gushigikirana bwari bwavuze ko abantu barenga 1000 aribo bakeneye imfashanyo.

Umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika i Bujumbura mu Burundi Eloge Willy Kaneza ni wa wakurikiranye iyi nkuru

please wait

No media source currently available

0:00 0:04:57 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG