Uko wahagera

Burundi: Imiryango 30 Irasembereye Kubera Imvura y'Isegenya


Igihuhusi mw'Isale
Igihuhusi mw'Isale

Imiryango irenga 30 yo muri zone Benga ya komine Isale mu ntara ya Bujumbura, isembereye mu babanyi. Imvura yaguye ku misi ya kabiri na gatatu ivanze n’igihuhusi yaguruye ibisakazo vy’amazu babamwo.

Iyo mvura ivanze n’igihuhusi yaranasambuye ibisakazo vy’amasomero atatu y’ishure nshingiro rya Muberure ya mbere. Umuyobozi w’iryo shure Harelimana Annonciate avuga ko kukubura aho abana babandaniriza ivyigwa babaye baritiza amasomero yo kuri Lycée Muberure.

Abajejwe intwaro yo hasi ku mitumba ya zone Benga yahuye n’ico gihuhusi babwiye Ijwi ry’Amerika ko intonde z’ivyononekaye biza vyarungikiwe ababakurira mu ntwaro kugira n’abo badodore ku bagiraneza.

N’isengero ya katolika yo ngaho ku Muberure yarahuye n’ivyago. Ico gihuhusi caguruye ibisakazo vy’uruhande rumwe. Ibikorwa vy’ugusanura vyaza vyatanguye kur’uno wa kane.

Inkuru irambuye tuyishikirizwa n'umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika mu Burundi Evariste Nzikobanyanka.

please wait

No media source currently available

0:00 0:03:06 0:00

XS
SM
MD
LG