Uko wahagera

Cibitoke: Batatu Baramaze Gupfa Kubera Uburaro Bubi


Abana batatu bitavye Imana kubera uburaro bubi ni abo muri site Gateri iherereye muri komine ya Buganda y’intara ya Cibitoke. Amakuru ava muri iyo site yemeza ko abo bana bitavye Imana muri zino ndwi zibiri ziheze.

Abavyeyi b’abo bana basiguriye Ijwi ry’Amerika ko inyanduruko ari ibidengeri vy’amazi bitera amazu yabo atubatse ku buryo bwa none. Ibintu bikaba vyunyuka iyo imvura iguye.

Inzu zo muri site ya Giteri zubakishijwe amabati kuva hasi gushika hejuru. Nyinshi muri zo ziramaze imyaka cumi n’umwe zubatswe. Abazironkejwe bwa mbere basobanuye ko bizejwe kuronka izubatswe mu buryo bwa kijambere ariko nubu amaso yahereye munzira.

Abanyagihugu bo muri site Gateri bagizwe n’abahutu, abatwa hamwe n’abatutsi. Abajejwe intwaro bavuga ko bamwe bahaje bahungutse bava mu bihugu bihana imbibe n’Uburundi, abandi bakahaza kubera ari bantahonikora.

Umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika mu Burundi Diane Ndonse ni we atugezaho inkuru kuri ico kibazo.

please wait

No media source currently available

0:00 0:03:29 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG