Uko wahagera

RDC: Abarwanyi ba Codeco Bishe Abantu 17 muri Ituri


Ikarata yerekana intara ya Ituri, muri RDC
Ikarata yerekana intara ya Ituri, muri RDC

Abantu 17 bari baranyurujwe ku musi wa gatandatu mu buraruko bushira ubuseruko bwa Repuburika ya demokarasi ya Kongo, bishwe kuri uyu w’Imana n’abarwanyi ba Codeco (Coopérative pour le développement du Congo).

Banguneni Gbalande, umukuru w’ubwoko bw’aba Akonyo-Nyali, aho ubwo bwicanyi bwakorewe, yavuze ko abarwanyi ba Codeco batwaye abo bantu hagati y’uturere twa Bambu na Kobu. Ni muri teritware ya Djugu, ku birometero 45 vy’igisagara ca Bunia, mu ntara ya Ituri.

Abo bantu banyurujwe bari mu modokari zibiri zari zivuye i Bunia, zerekeza mu gisagara ca Mongbwalu kizwi ko kirimwo ubutare bwinshi.

Kuva mu mpera za 2022, abantu baricwa uko indwi iheze muri Ituri, intara itunze ubutare bw’inzahabu. Abarenga 30, bagwiriyemwo abagore n’abana barishwe bunyamaswa kw’itariki ya 18 z’uku kwa gatatu mu turere tutari duke. Abarwanyi ba Codeco baragirijwe ubwo bwicanyi.

Codeco ni umuhari ugizwe n’ibihumbi vyinshi vy’abanyagihugu bitwaje ibirwanisho. Bavuga ko bariko bararwanira ubwoko bw’aba Lendu bukunze gutana mu mitwe n’aba Hema. (AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG