Uko wahagera

DRC: Abarenga 20 Baguye mu Bitero vy'Abitwaje Ibirwanisho


Bamwe mu barwanyi ba CODECO
Bamwe mu barwanyi ba CODECO

Abasivire barenga 20 barishwe mu bitero bitandukanye mu buseruko bwa Repuburika ya demokarasi ya Kongo.

Mu ntara ya Ituri, abarwanyi b’umuhari CODECO, bagirizwa gutera mu mihana y’abanyagihugu mu gace ka Mahagi mu gatondo ka kare ku musi wa gatandatu.

Umukuru w’ako gace katewe, Arnold Lokwa, yavuze ko baharuye abantu 15 bishwe, bagizwe ahanini n’abagore, abana hamwe n’abageze mu zabukuru.

Amakuru ava muri ako barere nyene, avuga ko mu mpera z’indwi irangiye imirwano yongeye kwaduka hagati ya reta n’abarwanyi b’umuhari M23.

Mu bumanuko bw’intara ya Kivu y’uburaruko, harongeye ugutana mu mitwe ku musi wa gatandatu hagati y’izo mpande zibiri. Hari inyuma y’imisi itari mike hari agahengwe, mu gihe abasirikare barungitswe n’akarere bashika muri iyo ntara. (AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG