Uko wahagera

ONU Yemeza ko Yatoye Imva Rusangi muri Ituri


Abasivile bafatanya na Croix rouge gupfubana iteka abazize ubwicanyi muri Ituri
Abasivile bafatanya na Croix rouge gupfubana iteka abazize ubwicanyi muri Ituri

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rivuga ko ryahungabanijwe n’amakuru y’ibinogo rusangi vyahambwemwo abantu benshi vyatowe mu mihana y’i Nyamamba, mu ntara ya Ituri, mu buraruko bushira ubuseruko bwa Rebubulika ya demokarasi ya Kongo.

Umurwi wa ONU muri Kongo, MONUSCO watangaje ko watoye ikinogo cahambwemwo abasivile 42 barimwo abagore 12 n’abana batandatu. Ikindi kinogo cakuwemwo abagabo indwi mu mihana y’i Mbogi. Ivyo bibanza bibiri vyatowe ku birometero 30 mu buseruko bwa Bunia, mu ntara ya Ituri.

Abasirikare ba ONU muri RDC batanguje ibikorwa vyo gukizura muri ako karere inyuma yo kuronka amakuru y’ibitero ku basivile, vyakozwe n’umuhari w’iterabwoba CODECO mu mpera z’indwi iheze.

Ibi bibaye mu gihe umutekano muke wunyutse mu materitware ya Djugu na Mahagi. Kuva mu kwezi kwa cumi na kabiri mu 2022, MONUSCO imaze gutangaza abasivile hafi 195 bishwe n’abandi 68 bakomeretse. Haruhande y’abo, hongeyeko na 84 banyurujwe mu bikorwa vyagirijwe umuhari CODECO n’iyindi mihari yitwaje ibirwanisho.

Ibi bitero bishasha vyongereje ibitigiri vy’abateshejwe izabo ku barenga umuriyoni 1.5 mu ntara ya Ituri. Vyatumye kandi ibikorwa vy’amashirahamwe y’abagiraneza bigabanuka mu bice bikeneye imfashanyo.

@VOA

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG