Uko wahagera

RDC: Imishamirano Hagati ya CODECO n'Inteko za Reta Yahitanye 22 muri Ituri


Ibiziga vy’abasivile 14 hamwe n’abarwanyi b’umuhari CODECO, vyaratowe mu gisagara ca Mongbwalu, mu ntara ya Ituri iri mu buseruko bwa Repuburika ya demokarasi ya Kongo kuri uyu wa kane.

Jean-Pierre Bikilisende, umukuru w’ico, yavuze ko ivyo biziga 22 muri rusangi vyatowe inyuma y’ugutana mu mitwe kwabaye hagati y’abarwanyi ba CODECO hamwe n’abasirikare ba Kongo muri ico gisagara.

Yasobanuye ko abo barwanyi batanguye ibitero kuva ku musi wa kabiri batumbereye kubohoza bagenzi babo bafashwe n’abajejwe umutekano muri Kongo. Bikilisende yavuze ko umutekano wagarukanywe mu gisagara arongoye.

CODECO, Cooperative pour le Development du Congo, ni umuhari wa poritike ushingiye kw’idini, uvuga ko uharanira inyungu z’ubwoko bw’aba Lendu.

Uzwi ko ari umwe mu mihari y’abarwanyi irenga 120 ikorera mu buseruko bw’igihugu, kandi wagirizwa ubwicanyi bukabije muri Ituri.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG