Uko wahagera

DRC: Abarwanyi ba CODECO Bishe Abasivile 35


Bamwe mu barwanyi ba Codeco
Bamwe mu barwanyi ba Codeco

Abarwanya ubutegetsi bari mu buseruko bwa republika ya demokrasi ya Congo bishe abasivile 35 mu gitero bakoze mu kibanza gicukurirwamwo ubutare bw’inzahabu mu buryo budaciye mu mategeko mu ntara ya Ituri, nk’uko vyatangajwe n’ibiro vy’umukuru w’igihugu uno musi ku wa mbere.

Ku musi w’Imana, abarwanyi bari mu murwi wiyita, CODECO, barateye ico kibanza gicukurirwamo ubutare bw’inzahabu hafi y’igisagara ca Mongwalu mu buseruko bw’igihugu. Umuvugizi w’igisirikare ca Congo, Jules Ngongo Tsikudi avuga ko bahiganwa n’uyundi murwi urwanya ubutegetsi ku vyerekeye kugenzura ico gice gicukurirwamo inzahabu.

Amenyesha ko abanyahgihugu bafatiwe mu gutana mu mitwe hagati y’izo mpande zibiri. Benshi muribo barahasize ubuzima mu gihe amazu yabo yaturiwe. Ibiro vya prezida wa Congo, vyatangaje, bibicishije ku rubuga Twitter, ko abarwanyi b’umurwi CODECO bagandaguye abasivile 35 mu gitero co ku musi w’Imana urangiye.

Abayoboye amashirahamwe aharanira inyungu z’abanyagihugu bamenyesha ko abantu barenga 50 bishwe. Rimwe muri ayo mashirahamwe ritangaza ibitaro vyo mu gice ico gitero cabereyemwo vyarengewe n’igitigiri c’abakomeretse.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG