Uko wahagera

DRC: Abanyamategeko Bigenga Batabariza Amoko arimwo ay'Abatutsi


Umunyanyamategeko w'Umubirigi Bernard Maingain ari mu banyamategeko batabariza ubwoko bumwe na bumwe muri Kongo
Umunyanyamategeko w'Umubirigi Bernard Maingain ari mu banyamategeko batabariza ubwoko bumwe na bumwe muri Kongo

Umunyanyamategeko w'Umubirigi Bernard Maingain n'abandi bakorana ku bibazo vy'ubwicanyi bwo mu buseruko bwa Kongo bemeza ko hari umugambi wo kuyogeza amoko amwe amwe yo muri ako gace.

Mu kiganiro cihariye yagiranye n'Ijwi ry'Amerika, umunyamategeko Maingain asaba indongozi za Afrika y'ubuseruko gufata ico kibazo mu minwe nk'uko ziriko zirabikora ku bijanye n'intambara hagati ya M23 n'ingabo za Kongo.

Uyu munyanyamategeko atanga urugero rw'ubwoko bw'Abahema mu ntara ya Ituri avuga ko bageramiwe n'ihonyabwoko muri kino gihe kandi ubwicanyi bakorerwa bugasa n'ubwirengagijwe kubera intambara hagati y'ingabo za Reta n'inyeshamba za M23 ibera muri Kivu y’uburaruko.

Abagabo batwaye ikiziga c'umuntu yiciwe mu gace kabamwo Abahema mu kwa gatatu ko mu 2023
Abagabo batwaye ikiziga c'umuntu yiciwe mu gace kabamwo Abahema mu kwa gatatu ko mu 2023

Mw'ikete yarungikiye intumwa idasanzwe y'umunyamabanga mukuru wa ONU muri Kongo, Maingain amenyesha ko ari ikibazo gikomeye i ruhande y'ubwicanyi bukorerwa Abanyamulenge n'Abatutsi bo mu gace ka Masisi mu ntara ya Kivu y'uburaruko.

Ijwi ry’Amerika rimaze kubona ikete ryo gutabaza umunyamategeko Bernard Maingain yandikiye Bintou Keita, intumwa idasanzwe y’umunyamabanga mukuru wa ONU muri Kongo, ryavuganye nawe kuri terefone mu kiganiro cihariye. asigura imvo nyamukuru zatumye atabaza.

Ibivugwa na Bernard Maingain bishimangigwa na Innocent Nteziryayo, yashinze ihuriro ry’abashingwamanza baburanira ababuze ababo mu buseruko bwa Kongo no mw’ikambi ya Gatumba mu Burundi hamwe n’abacikacumu. Atanga ahanini urugero rw’Abanyamulenge bishwe kuva muri 2017. Fyonda hasi wumve insiguro za Nteziryayo na Maingain muri ino nkuru ya Eloge Willy Kaneza.

Abanyamategeko Batabariza Amoko Ageramiwe n'Ubwicanyi muri Kongo
please wait

No media source currently available

0:00 0:05:21 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG