Uko wahagera

Etiyopiya Yakuye ku Rutonde rw’Imirwi y’Iterabwoba Umuhari w’Abanyatigreya


umushikiranganji wa mbere wa Etiyopiya
umushikiranganji wa mbere wa Etiyopiya

Mu gihugu ca Etiyopiya, inama nshingamateka yakuye umuhari w’Abanyatigreya wagwanya ubutegetsi, TPLF, ku rutonde rw’imirwi y’iterabwoba. Iyo ngingo ifashwe inyuma y’amezi arenga ane, amasezerano yo guhagarika ingwano yahitanye ubuzima bw’abanyagihugu ibihumbi amajana n’amajana, ateweko igikumu.

Iri mu bintu vyerekana ko imigenderanire hagati y’abategesi ba reta ya Etiyopiya hamwe n’abategetsi bo mu ntara ya Tigreya, yasubiye kuba myiza muri iki gihe iyo ntara iri hafi yo gushinga ubutegetsi bw’imfatakibanza.

Umuhari TPLF ni wo wari ukomeye cane muri politike ya Etiyopiya mu kiringo c’imyaka irenga 30, gushika aho umushikiranganji wa mbere, Abiy Ahmed, afatiye ubutegetsi mu mwaka w’2018. Ingwano hagati ya Etiyopiya na Tigreya yatanguye mu mwaka w’2020.

Abashingamateka ba Etiyopiya 547 ni bo batoye ingingo yo gukura TPLF kuri urwo rutonde, 61 batoye kwankiriza iyo ngingo, mu gihe batanu bahisemwo kudashikiriza amajwi yabo.

Umutegetsi mukuru mu muhari TPLF, Kindeya Gebrehiwot, yabwiye itorokanirizo ry’amakuru AP, ko iyo ngingo ari intambwe ikomeye mu nzira yo gutsimbataza amasezerano y’amahoro. (AP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG