Uko wahagera

HCR Irasabira Imfashanyo Abanyesomaliya Bahungira muri Etiyopiya


Igisata ca ONU cita ku mpunzi, HCR, kiriko gisaba imfashanyo yihuta yo kugarukira ku bihumbi vy’abanyesomaliya bahunze imirwano mu gisagara co muri Somaliland, kiri ku rubibe rwa Somaliya. HCR igereranya ko ikeneye imfashanyo ku banyesomaliya bashika 100.000 bahungiye muri Etiyopiya.

Izo mpunzi zahunze imishamirano ibera mu gisagara ca Las Anod. Ihuza intara ya Somaliland hamwe n’abanyagihugu bipfuza kuba munsi y’ubutegetsi bwa Somaliya.

HCR iriko isaba kandi inyishu ku kibazo co muri ico gisagara ca Las Anod kugira abenegihugu basubire mu mihana yabo.

Umushikiranganji w’imigenderanire n’amakungu wa Somaliland, Essa Kayd, avuga ko reta yiwe yiteguye kuganira, ariko ko ivyo biganiro bitazoraba ku bwigenge bw’intara yiwe.

Impunzi za mbere zahunze iyo mirwano zashitse muri Etiyopiya kw’itariki ya 6 y’ukwezi kwa kabiri. Abategetsi babakiriye muri Etiyopiya bavuga ko bababa 100.000, kandi ko iki gitigiri gishobora kwiyongera. (VOA News)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG