Uko wahagera

Amamiliyoni y'Abanyesomaliya Ahanzwe n'Inzara Itewe n'Uruzuba


Abanyagihugu bahuze ubugaragwa mu ntara za Lower na Middle Shabelle muri Somalia, Kw'itariki ya 18/05/2019
Abanyagihugu bahuze ubugaragwa mu ntara za Lower na Middle Shabelle muri Somalia, Kw'itariki ya 18/05/2019

Ikigo c’ishirahamwe mpuzamakungu ONU kijejwe gutanga imfashanyo, OCHA, gishikiriza ko abanyesomaliya hafi imiliyoni 2 n’ibihumbi 700 bazohura n’ubukene bw’ibifungurwa mu mezi ari imbere. Ni mu gihe uruzuba rubangamiye ibice bitari bike vy’igihugu, cane cane mu ma reta ya Somaliland, Puntland, Hirshabelle, Galmudug na Jubaland.

Umuvugizi wa OCHA, Jens Laerke, avuga ko abantu muri ivyo bice baheruka mu bihe vy’ubukene bw’imvura, ubu naho bahanzwe n’uruzuba.

Amashirahamwe atanga imfashanyo avuga ko ubukene bw’imvura bwatumye ata mwimbu uboneka, ibitungwa bidatanga umusaruro, ku buryo hashobora kuba amapfa. Laerke avuga ko inzara muri Somaliya izogaragara hagati y’ukwezi kwa kane n’ukwa gatandatu. Mu bantu hafi imiliyoni 2 n’ibihumbi 700 babangamiwe, avuga ko harimwo abana 840 000 bari munsi y’imyaka itanu.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU, ryasavye imfashanyo y’umuriyaridi umwe w’amadolari yo gufasha uyu mwaka imiliyoni zine z’abantu muri Somaliya, bakozweko n’intambara, ihindagurika ry’ibihe hamwe na COVID-19.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG