Uko wahagera

Etiyopiya Yateye Ivyatsi Ivyagiriji vy'Amerika Ko Inteko Zayo Zakoze Ivyaha Vy'Intambara


Ministiri Antony Blinken na Demeke Mekonnen ministiri w'intebe wungirije wa Etiyopiya
Ministiri Antony Blinken na Demeke Mekonnen ministiri w'intebe wungirije wa Etiyopiya

Reta ya Etiyopiya, yateye ivyatsi ivyatangajwe n'ubushikiranganaji bujejwe imigenderanire bwa Reta zunze ubumwe za Amerika vy'uko, igisirikare cayo hamwe n’impande zose mu ntambara iheruka kurangira mu ntara ya Tigreya iri mu buraruko bw'igihugu zakoze ivyaha vyo mu ntambara, mu kuvuga ko ico kirego gishavuje kandi kije mu gihe atari co.

Umushikiranganji Antony Blinken, ku musi wa mbere, yaratangaje ko inteko za Reta ya Etiyopiya, inteko bicuditse za Eritreya n’izo mu ntara ya Amhara hamwe n’inteko batana mu mitwe zo mu ntara ya Tigreya zo mu muhari, zose zakoze ivyaha vyo mu ngwano mu kiringo c’imyaka ibiri intambara yamaze.

Ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bwa Etiyopiya bwatangaje ko ivyo birego bidafise insinguro kandi bigeramira utwigoro twa Amerika two gushigikira umugambi w’amahoro uhuza impande zose muri Etiyopiya.

Bwavuze ko ivyatangajwe n’ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bwa Amerika bidoma urutoki ku ruhande rumwe, mu gihe vyihoza amabi yakozwe n’inteko zo muri Tigreya, arimwo gufata abapfasoni n’abigeme ku nguvu hamwe n’ayandi mabi afatiye ku gitsina.

Yamara Etiyopiya yizeye ko imigenderanire ikomeye na Amerika izosubira kumera neza, icipfuzo cerekanywe n’impande zompi mu rugendo Blinken yagize mu ndwi iheze muri Etiyopiya, rwari rufise intumbero yo gusanura imigenderanire yari yatosekajwe n’ingwano mu ntara ya Tigreya.

Ivyatangajwe na Blinken vyabaye mu kiringo kiri musi y’indwi inyuma y’uko agize urugendo muri Etiyoypiya aho yabonanye n’abatetetsi ba reta n’uwuserukira umuhari TPLF. Yarahayagije intambwe zashitsweko mu vyerekeye gushira mu ngiro amasezerano yo guhagarika ingwano yapfunditswe mu kwezi kw’icumi na rimwe mu mwaka urangiye w’i 2022.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG