Uko wahagera

Amakenga kw'Ihagarikwa ry'Amatohoza ku Vyaha Vyakorewe muri Tigreya


Zimwe mu mpunzi za Tigreya
Zimwe mu mpunzi za Tigreya

Amashirahamwe aharanira agateka ka muntu aratewe impungenge zikomeye n'utwigoro twa Reta ya Etiyopiya two guhagarika itohoza ku vyaha vyo mu ntambara vyakozwe mu ntara ya Tigreya iri mu burarurkdo bw'igihugu.

Itororokanirizo ry’amakuru ryo mu Bwongereza, Reuters, ryatangaje ko Reta ya Etiyopiya iriko isaba ibihugu gushigikira ingingo yorangiza ikiringo cahawe umurwi ujejwe kugira iryo tohoza. Amashirahamwe aharanira agateka ka muntu yavuze ko guhagarika itohoza ku vyaha vyo mu ngwano vyakorewe mu ntara ya Tigreya vyoba vyimye ubutungane ababuze ababo kandi vyogeramira ukwizigirwa kw’urwego rw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU rujejwe agateka ka muntu.

Ishirahamwe riharanira agateka ka muntu kw’isi, Human Rights Watch, muri iyi ndwi ryarasohoye ikete ryateweko igikumu n’amashirahamwe 63 ryashikirije urwego rwa ONU rujejwe agateka ka muntu. Ayo mashirahamwe yerekanye impungenge ku migambi ya Reta ya Etiyopiya yo gushikiriza urwandiko rusaba
guhagarika igikorwa c’umurwi uriko ugira itohoza ku ngwano yabereye mu ntara ya Tigreya.

Ishirahamwe rijejwe gukingira agateka ka muntu kw’isi, Amnesty Internatitonal, rimwe mu yateye igikumu kw’iteke ryashizwe ahabona na Human Rights Watch, ryatangaje ko guhagarika igikorwa c’uwo murwi vyogira ingaruka zikomeye.

Suad Nur, akorera Amnesty Internatitonal mu karere ko mw’ihembe rya Afrika, yamenyesheje ko vyokamira mu coze umuco wo kudahana watse indaro bikomeye muri Etiyopia. Yongeye amenyesha ko bizotuma ababuze ababo n’abarokotse bataronswa ubutungane ku vyaha bikabije bihonyanga agateka ka muntu vyakozwe, harimwo gufata abapfasoni n’abakenyezi ku nguvu. (VOA NEWS)

XS
SM
MD
LG