Uko wahagera

Umushikiranganji w'Imigenderanire y'Amerika mu Rugendo muri Etiyopiya


Umushikiranganji wa Reta zunze ubumwe za Amerika ajejwe imigenderanire yabonanye n’umushikiranganji wa mbere wa Etiyopiya uyu musi ku wa gatatu, mu ntumbero yo kunagura imigenderanire yatosekaye.

Ned Price, umuvugizi w’ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bwa Amerika, yatangaje ko Antony Blinken na Abiy Ahmed, baganiriye ku twigoro two kugarukana amahoro arama mu ntara ya Tigreya, muri iki gihe ivyo bihugu vyompi biriko biragerageza kunagura imigenderaniro yavyo, yatosekajwe n’ingwano yo muri Etiyopiya.

Price yatangaje kandi ko mu nama yamaze amasaha arenga abiri n’igice ku murwa mukuru wa Etiyopiya, Addis Abeba, abo bategetsi bayaze no ku kamaro ko gushira ahabona no kwemanga amabi yakozwe n’impande zose mu gihe c’intambara.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG