Uko wahagera

Uburusiya Bwishimiye Ubushinwa nk'Incuti Magara Yabwo


Prezida w'Ubushinwa kumwe na mugenzi wiwe w'Uburusiya
Prezida w'Ubushinwa kumwe na mugenzi wiwe w'Uburusiya

Prezida w’Ubushinwa, Xi Jinping, ari mu Burusiya mu rugendo rw’akazi ruzomara iminsi itatu. Urugendo rwa Xi Jinping i Moscow ku murwa mukuru w’Uburusiya rugamije ahanini gutsimbataza imigenderanire y’Uburusiya n’Ubushinwa mu vy’ubutunzi, no kwerekana ikibanza Ubushinwa bwipfuza kugira mu gutorera umuti intambara iri hagati y’Uburusiya na Ukraine.

Prezida w’Uburusiya, Vladimir Putin, mw’ijambo yavugiye kuri tereviziyo y’igihugu ciwe yakira Prezida Xi Jinping, yavuze ko yiteguriye gukorera ku nkingi 12 Ubushinwa buheruka gutanga nk’umuti w’intambara iri hagati ya Ukraine n’Uburusiya.

Prezida Putin yagize ati: “Imiryango yacu iruguruye ku biganiro vy’amahoro. Nta nkeka ko igihe kigeze, tuzoganira ku ngingo zose mwatanze nk’umuti. Ingingo zanyu turaziha agaciro.”

Prezida Putin yashimagije urugendo rwa mugenzi wiwe w’Ubushinwa avuga ko “Mu gihe ibihugu vyo mu burengero bifitiye ico yise urwanko Uburusiya, Xi Jinping yerekanye ko igihugu ciwe ari incuti magara y’Uburusiya.”

Xi Jinping ni we mutegetsi wa mbere abonanye na Prezida Putin kuva sentare mpuzamakungu mpanavyaha, CPI, imusohoreye umutahe mpuzamakungu kubera ivyaha birimwo ukunyuruza abana bo muri Ukraine iyo nsentare imwagiriza.

Uburusiya bugaruka kuri ivyo vyagiriji vya CPI, bwavuze ko bishingiye ku rwanko, bwongera butangaza ko bwuguruje urubanza ruri mu rwego rw’ubugizi bwa nabi, aho rurega abacamanza n’abashingwamanza ba sentare mpuzamakungu mpanavyaha, CPI. Ubushinwa nabwo kuri ino ngingo bwatangaje ko umutahe mpuzamakungu CPI yasohoreye Putin werekana ico bwise uguhengama kwayo.

Ukraine igaruka ku rugendo rwa Xi Jimping mu Burusiya, yatangaje ko Ubushinwa bwari bukwiye kwotsa igitutu Uburusiya kugira buhagarike ico Ukraine yise “Agasomborotso k’Uburusiya.” Akatari gake, amakungu yagirije Ubushinwa gushigikira Uburusiya mu ntambara burimwo na Ukraine, ariko bukabihakana.

Urugendo rwa prezida w’Ubushinwa mu Burusiya ruzomara iminsi 3. Ibiganiro nyezina hagati ya prezida w’Uburusiya na mugenzi wiwe wa Ukraine bitegekanijwe gutangura ejo ku wa kabiri.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG