Igihugu ca Canada kigiye kuzorungikira Ukraine amasasu angana hafi 8.000 hamwe na misile.
Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bwavuze kuri uyu wa gatatu ko Canada izoha kandi Ukraine amasasu arenga 1.800 ya burende zo mu bwkoko bwa Leopard zatanzwe na Danemarke, Ubudagi hamwe n’Ubuholande.
Reta y’umushikiranganji wa mbere, Justin Trudeau, yamye iri ku ruhande rwa Ukraine mu kuyisabira imfashanyo mu makungu. Yemeye kuzotanga amafaranga angana n’imiriyoni 730 z’amadolari yo gufasha igisirikare ca Ukraine kuva Uburusiya butera mu mwaka uheze.
Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bwaratangaje kandi ko bigiye kurungikira Ukraine burende 8 za Leopard, vyitezwe ko zizoshikayo mu ndwi ziri imbere. (Reuters)
Facebook Forum