Uko wahagera

Uburusiya Bwarashe Misile Nyinshi muri Ukraine


Uburusiya bwateye ibikoho vya misile mu bice bitandukanye vy'igihugu ca Ukraine uno musi ku wa gatanu. Ivyo bitero vyasambuye ibibanza bifitiye akamaro gakomeye abanyagihugu, birimwo ibitanga umuyagankuba. Umukuru w’igisagara ca Zaporizhzhia yatangaje uno musi ku wa gatanu ko inteko z’Uburusiya zarashe misile 17 mu kiringo c’isaha imwe muri ico gisagara kirimwo ikibanza gitanga umuyagankuba gikomeye cane kurusha ibindi ku mugabane w’Ubulaya.

Amafirimbi yo kugabisha ibitero vy’indege z’ingwano na za misile vyumvikanye mu gihugu cose. Abategetsi ba Ukraine bahanuye abanyagihugu kwubahiriza ayo mafirimbi mu kwihutira kuja mu bibanza vyo kwinyegezamwo mu gihe bayumvise.

Ibitero vya misile vy’Uburusiya muri Ukraine uno musi ku wa gatanu bibaye inyuma y’urugendo prezida wa Ukraine, Volodymyr Zelensky, aherutse kugira i Londres, mu Bwongereza, i Paris, mu Bufransa, n’i Bruxelles mu Bubiligi. Aho hose yabonanye n’abayobozi b’umuryango w’ubumwe bw’Uburaya. Yabayasvye guha igihugu ciwe indege z’ingwano kugira zigifashe gutuza ibitero vy’Uburusiya.

Reta zunze ubumwe za Amerika, Ubudagi n’ibindi bihugu bicuditse biri mw’ishirahamwe ryo kwuvuna abansi ry’ibihugu vyo mu buraruko bw’ibahari Atlantike, OTAN vyaremeye guha Ukraine ibimodoka bikomakomeye vyo mu bwoko bwa burende. Ivyo Ukraine gifise muri iki gihe ntibihagije kugira gikore vyivune Uburusiya. (VOA NEWS)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG