Uko wahagera

Ukraine Ibandanya Gusaba Indege z'Intambara


Ukraine, uno musi ku wa mbere, cabandanije gusaba ibihugu bicuditse na co inteko zaco, kuha abasirikare baco indege z'ingwano, n'aho Reta zunze ubumwe zamaze gutangaza ko guha ico gihugu indege z'ingwano za Amerika zo mu bwoko bwa F-16 atari bwo buryo bwiza muri iki gihe.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Ukraine, Dmytro Kuleba, yatangaje ku rubuga Twitter, uno musi ku wa mbere ko ibiganiro vyose ku vyerekeye guha igihugu ciwe ibirwanisho bishasha bikenewe cane vyaronse inyishu “oya” mu ntango, ngo yamara vyarangiye na “ego”.

Yamenyesheje ko mu mwaka urangiye, abategetsi ba Ukraine batumye ibihugu bicuditse bifata ingingo ku bijanye n’ubwoko butandatu ku bwoko indwi rw’ibirwanisho vyagize akamaro gakomeye cane. Kuleba yavuze ko ubwoko bw’ibirwanisho bagikeneye ari indege z’ingwano. Yashatse kuvuga ko ukugene ibihugu bicuditse n’igihugu ciwe vyagonanywe mu ntango ku bijanye n’ukukirungikira ibimodoka vyo mu bwoko bwa burende n’izindi mfashanyo za gisirikare, yamara ivyo bihugu bikaruhira gutanga ivyo bigwanisho.

Prezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika, Joe Biden, ku musi wa gatanu w’indwi irangiye, yaratangaje mu kiganiro kuri televiziyo, ABC ko ku kibazo cerekeye guha Ukraine indege z’ingwano zo mu bwoko bwa F-16 bitari mu migambi yiwe muri iki gihe.

Jake Sullivan, umuhanuzi ku bibazo vyerekeye umutekano w’igihugu, ku musi w’Imana urangiye, yabwiye programa, “Meet the Press” ya televiziyo, NBC ko abategetsi b’igisirikare ca Amerika babona ko Ukraine ikeneye muri iki gihe ibikoho vyo mu bwoko bwa burende, n’ibindi bimodoka vya burende bitwara abasirikare, hamwe n’ibindi bimodoka vy’ingwano, vya muzinga n’ubuhinga bwo ukwivuna ibitero vya misile n’indege z’ingwano mu bice biberamwo ingwano.

Sullivan yamenyesheje ko hakenewe muri iki gihe ibirwanisho bifasha inteko za Ukraine zirwanira ku buteka kugira zisubira gufata ibice vyigaruriwe n’Uburusiya. Yamenyesheje kandi ko ibihugu bicuditse na Ukraine biriko biha ico gihugu ivyuma vy’ugusubiriza ibitagikora ku ndege z’ingwano zo mu bwoko bwa Mig-29 na SU-27 zo mu gihe c’icahoze ari ubumwe bw’abasoviyete abadereva b’indege z’ingwano za Ukraine bakoresha imisi yose.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG