Uko wahagera

Ubumwe bwa Buraya Bwakajije Ibihano ku Burusiya


Bamwe mu bategetsi b'Ubumwe bwa buraya kumwe na prezida wa Ukraine
Bamwe mu bategetsi b'Ubumwe bwa buraya kumwe na prezida wa Ukraine

Umuryango w’ubumwe bwa Buraya watangaje ko wafatiye ibindi bihano impande zitandukanye zagirizwa kugira uruhara mu ntambara Uburusiya bumaze umwaka butanguje muri Ukraine.

Ibihano bishasha vy’Ubumwe bwa Buraya vyega muri rusangi impande 121 zirimwo abantu ku gatwe kabo, amashirahamwe 96 y’Uburusiya arimwo aya reta n’ayigenga hamwe n’amabanki 3 y’ico gihugu.

Ubumwe bwa Buraya bwahanye kandi inganda 7 za Irani zikora indege z’ingwano zitagira umudereva. Ubumwe bwa Buraya bwemeza ko indege zakozwe n’izo nganda ziri mu zo Uburusiya bwakoresheje mu kugaba ibitero ku butaka bwa Ukraine.

Umuryango w’Ubumwe bwa Buraya muri ivyo bihano bishasha wategetse ibihugu vyose bigize uwo muryango guhagarika kudandaza mu Burusiya ibikoresho vyose birimwo ivyuma, amamoteri y’imiduga n’indege n’ibindi bikoresho bihanitse bikenerwa mu buhinga bwa none.

Ibitangazamakuru bifatwa nk’ibikorera inyungu z’Uburusiya birimwo ahanini icitwa RT na Sputnik vyatswe impusha zo gukorera ku butaka bw’Ubumwe bwa Buraya.

Ibihano bishasha vy’Ubumwe bwa Buraya muri ivyo bihano vyasavye bishimitse ibihugu bigize uwo muryango kwerekana neza, umurongo ku yundi, ubutunzi bwose bw’abakire bashigikiye Uburusiya, gutyo bugafatwa. Nta gihugu na kimwe c’Ubumwe bwa Buraya cemerewe gutanga visa ku bari ku bahanywe n’Ubumwe bwa Buraya.

Ibihano Ubumwe bwa Buraya bwafatiye Uburusiya na ba somambike babwo bigize ivya cumi kuva intambara yabwo na Ukraine itanguye.

Umukuru w’umurwi nshingwabikorwa vy’ubumwe bwa Buraya, Ursula von der Leyen, yavuze ko ibihano vy’iyi ncuro bikarishe gusumba ibindi vyose uwo muryango wafatiye Uburusiya n’abari ku ruhande rwabwo. Ursula yagize ati: “ Twahashije Uburusiya twongera dukaza igitsure n’igitugu ku mpande zigerageza kuburizamwo ibihano vyacu.”

Ubumwe bwa Buraya busozera itangazo ryabwo ry’uno wa gatandatu bugira buti: “ Tuzobandanya twotsa igitutu Uburusiya gushika Ukraine ibohotse, ikiyambura agasomborotso k’Uburusiya.”

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG