Uko wahagera

Indege y'Uburusiya Yasekanye na Drone ya Amerika Hejuru y'Amazi Mpuzamakungu


Indege y'Uburusiya yo mu bwoko bwa drone
Indege y'Uburusiya yo mu bwoko bwa drone

Igisirikare ca Reta zunze ubumwe za Amerika kivuga ko indege y’intambara y’Uburusiya yasetse kuri uyu wa kabiri iyindi ndege ya Amerika yo mu bwoko bwa drone hejuru y’ibahari yirabura. Iyo drone ya Amerika yari ijejwe igendereza yaciye isambukira mu kirere mpuzamakungu, irwa mu mazi.

Umutegetsi w’igisirikare ca Amerika yabwiye Ijwi ry’Amerika ko iyo drone itaratorwa. Umuvugizi w’ubushikiranganji bwa Amerika bujejwe imigenderanire, Ned Price, yavuze ko Amerika yatumyeko ambasaderi w’Uburusiya i Washington kwisigura kuri ivyo vyabaye.

Umuvugizi wa perezidanse ya Amerika, White House, John Kirby, nawe yavuze ko Prezida wa Amerika, Joe Biden, yabwiwe mu ncamake ivyabaye. Kirby yavuze ko nimba Uburusiya bwabikoze butumbereye ko Amerika igiye guca ikura indege zayo muri ico kirere ntibizoba. Avuga kandi ko ibahari yirabura ari amazi mpuzamakungu asangiwe na bose kandi ko Amerika izobandanya gukora ku nyungu z’umutekano w’igihugu. (VOA News)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG