Uko wahagera

Uburusiya Bwagiriza Ukraine Kwanka Ibiganiro vy'Amahoro


Prezida wa Ukraine n'Uburusiya
Prezida wa Ukraine n'Uburusiya

Abategetsi ba Ukraine batangaje ko Uburusiya bwagavye ibitero vya misile, uno musi ku wa kabiri, mu gisagara ca Kramatorsk kiri mu buseruko bw’igihugu.

Prezida wa Ukraine, Volodymyr Zelensky, mu butumwa kuri Telegram, yatangaje ko misile yarashwe hagati mu gisagara ca Kramatorsk yasambuye inyubakwa z’amagorofa zitandatu.

Umuntu umwe yahasize ubuzima, abandi batatu barakomereka. Zelensky yamenyesheje ko ubwicanyi ico gihugu kibandanya gukora butegerezwa guhanwa. Ico gitero kibaye mu gihe Uburusiya buvuga ko Ukraine yanse kuja mu biganiro vy’amahoro.

Umuvugizi wa Prezida w’Uburusiya, Dmitry Peskov, yabwiye abamenyeshamakuru ko inzira yonyene Uburusiya bufise muri Ukraine ari iya gisirikare, kubera inyifato ya Ukraine muri iki gihe. Peskov yatangaje ko Uburusiya butegerezwa gushika ku migambi bwishinze.

Prezida wa Ukraine, Volodymyr Zelensky, yagumye avuga ko bazokwiyumvira ibiganiro vy’amahoro igihe inteko zose z’Uburusiya zizoba zavuye mu gihugu ciwe.

Ku musi wa mbere, Uburusiya, bwaratangaje ko bwiteguriye kurekurira iyongerezwa ry’ikiringo c’amasezerano aha Ukraine uburenganzira bwo gushorera hanze ingano n’izindi ntete.

Ayo masezerano yarafashije kugabanya ibiciro vy’ibifungurwa kw’isi, yamara vyabaye mu kiringo c’imisi 60 gusa. Ayo masezerano yahagarikiwe n’ishirahamwe mpuzamaungu ONU na Turkiya mu kwezi kw’indwi mu mwaka urangiye.

Ikiringo c’ayo masezerano carongerejwe imisi 120 mu kwezi kw’icumi na rimwe mu mwaka urangiye. Vyari bitegekanijwe ko ico kiringo kirangira ku musi wa gatanu w’indwi iheze. (VOA NEWS)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG