Uko wahagera

Misile z'Uburusiya Zishe 6 Muri Ukraine


Spasioci u Lavovu pretražuju ruševine zgrade posle ruskog vazdušnog udara
Spasioci u Lavovu pretražuju ruševine zgrade posle ruskog vazdušnog udara

Uburusiya bwagavye ibitero hakoreshejwe ibisasu vya misile mu bice bitari bike vya Ukraine kuri uyu wa kane. Vyahitanye abantu bashika kuri batandatu, bisiga ibihumbi amajana batagira umuyagankuba, n’amazu atarimwo ubushuhe.

Ni igitero gikomeye gikozwe mu kiringo c’indwi zitatu. Abasirikare ba Ukraine bavuga ko bakoroye 34 kuri misile 81 zatewe n’Uburusiya hamwe na drone zine zakorewe muri Irani.

Buramatari w’intara ya Lviv yavuze ko abasivile batanu bishwe igihe misile yagwa ku nzu ibamwo abantu. Nayo mu ntara ya Dnipropetrovsk, abategetsi bavuze ko ibitero vy’Uburusiya vyishe umuntu umwe hamwe na babiri bakomeretse.

Umushikiranganji w’Uburusiya wo kwivuna abansi yavuze ko ivyo bitero kwabaye ukwihora ku gitero baherutse gukorerwa mu ntara ya Bryansk yo mu burengero bw’Uburusiya. Ukraine yarahakanye ko atari yo yagavye ico gitero.

Uburusiya bwavuze kandi ko bwateye ibibanza vy’igisirikare n’ivy’amasoko ntanganguvu bisanzwe biha umuyagankuba ibigo vya gisirikare. Hafi ica kabiri c’ingo mu murwa mukuru Kiev nta bushuhe zigira mu mazu, ndetse no mu gisagara ca Kharkiv, kiza ubugira kabiri mu bunini muri Ukraine. Buramatari w’intara ivyo bisagara biherereyemwo yavuze ko misile 15 zaguye muri ico gisagara.

Ibitero vyo kuri uyu wa kane vyasambuye ivyuma biha umuyagankuba ihinguriro ry’amasoko ntanganguzu rikoresha inguvu za nikereyeri ry’i Zaporizhzhia. (AP, AFP, Reuters).

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG