Uko wahagera

Shanseliye w'Ubudagi Aragabisha Ubushinwa Kudaha Ibirwanisho Uburusiya

Shanseliye w'Ubudagi Olaf Scholz, i buryo, yakira prezida wa komisiyo y'Uburayi, Ursula von der Leyen i mu nama y'imisi ibiri i Meseberg hafi ya Berlin, itariki 05/03/2023
Shanseliye w'Ubudagi Olaf Scholz, i buryo, yakira prezida wa komisiyo y'Uburayi, Ursula von der Leyen i mu nama y'imisi ibiri i Meseberg hafi ya Berlin, itariki 05/03/2023

Shanseliye w’Ubudagi, Olaf Scholz avuga ko hazoba inkurikizi mu gihe Ubushinwa bworungikira ibirwanisho Uburusiya mu ntambara burimwo muri Ukraine. Ariko yavuze ko yizigiye ko Ubushinwa butazobikora.

Scholz yabishikirije mu kiganiro yahaye televiziyo CNN yo muri Amerika, kuri uyu w’Imana. Ni inyuma y’imisi ibiri abonanye na Prezida Joe Biden i Washington.

Abategetsi ba Amerika baheruka na bo nyene kugabisha Ubushinwa kuja kuruhande ntibuhe ibirwanisho n’amasasu Uburusiya.

Imbere y’urugendo rwiwe i Washington, Shanseliye Scholz mu ndwi iheze yabwiye nyabuna Ubushinwa gukoresha igihagararo bufise mu gusaba Uburusiya kuva muri Ukraine. (AP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG