Uko wahagera

UKraine Yagiriza Uburusiya Kurasa Inyubakwa Ibamwo Abanyagihugu


Inzu yagabweko igitero
Inzu yagabweko igitero

Abategetsi ba Ukraine, uno musi ku wa kane, batangaje ko Uburusiya bwakoze igitero ca misile ku nyubwaka y'igorofa ibamwo abanyagihugu mu gisagara ca Zaporizhzhia kiri mu bumanuko bw'igihugu. Abantu 3 bahasize ubuzima.

Prezida wa Ukraine, Volodymyr Zelensky, mu butumwa yashize ku rubuga rwa Telegram, yamenyesheje ko misile yasenyuye iyo gorofa y’ingero zitatu. Ibikorwa vyo korondera aboba barokotse biriko birabandanya. Zelensky yatangaje ko Uburusiya, igihugu avuga ko kirangwa n’iterabwoba, gishaka kudya umutima abanyagihugu bo muri Ukraine, imisi yose. Yavuze ko bazotuza abateye igihugu cabo bose kandi ko bazoruhira kubazwa amabi yose bakoze.

Igisirikare ca Ukraine, uno musi ku wa kane, catangaje ko inteko z’Uburusiya zibandanya gufata ibindi bice vyegereye igisagara ca Bakhmut. Ni ho ingwano ikomeye cane hagati y’inteko za Ukraine n’iz’Uburusiya imaze amezi atari make.

Umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi wa Ukraine, Hanna Maliar, ku musi wa gatatu, yaratangaje ko igihugu ciwe carungitse izindi nteko mu gisagara ca Bakhmut, n’aho inteko z’Uburusiya zabandanije gukomeza ibirindiro vyazo muri
ico gisagara. Yamara ntiyatangaje igitigiri c’inteko ziriko zirungikwa muri ico gisagara, n’ukugene zokoreshwa.

Ibitigiri vy’abasirikare bamaze gupfa ku mpande zose ni umurengera. Ukraine iracihagazeko, yamara kuba Uburusiya bwarongereje ibitigiri vy’inteko zabwo vyatumye bufata imihana n’ibisagara bitari bike biri mu micungararo y’igisagara ca Bakhmut, buragikikuza ku mpande zitatu. (VOA NEWS)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG