Uko wahagera

Amerika Ihangayikishijwe n'Ubucuti Buri Hagati y'Uburusiya na Irani


Perezida w'Uburusiya n'uwa Irani
Perezida w'Uburusiya n'uwa Irani

Reta zunze ubumwe za Amerika n’ibihugu bicuditse vyo mu burengero bw’isi biri mu nzira yo gufata Irani nk’igihugu kibangamiye umutekano kw’isi. Ibi bihugu bigabisha ko Irani iriko irarushiriza kwiyunga n’Uburusiya no gukorera hamwe mu ntambara kuri Ukraine.

Icegera c’umushikiranganji wo kwivuna abansi muri Amerika, Dana Stroul, yavuze kuri uyu wa kabiri ko ubu bigaragara ko Irani itari intambamyi gusa mu karere irimwo, ariko no ku rwego rw’isi.

Stroul yavuze ko bikwiye kwitegwa ko ubuhinga bw’intambara Irani iriko iriga no gukoresha muri Ukraine ishobora kuzobuhindukiriza ku bihugu vyo mu karere k’ubuseruko bwo hagati.

Stroul abaye uwundi mutegetsi wo ku rwego rwo hejuru muri Amerika ashikirije amakenga ku gufatanya hagati y’Uburusiya na Irani.

Ku musi w’Imana, umuyobozi w’ikigo ca Amerika kijejwe iperereza, CIA, William Burns, yavuze ko Irani yahaye Uburusiya indege za drone, amasasu y’ibikoho vya muzinga n’aya burende. Yavuze kandi ko ibi ari ibimenyetso vy’uko Uburusiya bushobora kuzoha Irani indege z’intambara no gufasha muri porogaramu yayo ya misile balistike.

Ariko Irani irahakana ko yahaye Uburusiya indege za “drones”. (VOA)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG